footballhomepagekirundikirundi_Sports

Umukinyi wa kera wa Inter Star yitavye Imana

Jeannot Witakenge Umukinyi wo hagati yigeze gukinira Umugwi wa inter Star mu myaka ya 1994, 1995, yitavye Imana ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu Igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2020, mu bitaro vy’ibukavu vyitwa (Hospital Général de Bukavu ) aho yari amaze igihe kitari gito arwariye .

Ku makuru twaronse ni uko uyo mugabo w’imyaka irenga 40 mu mwaka wa 2019 niho vyamenyekanye y’uko agendana ingwara ya Cancer yo munda ikaba ari nayo yashoboye kumuhitana inyuma yo kumara igihe kitari gito ari mu bitaro.

Mu mwaka wa 2018 yari icegera c’Umumenyereza wa Rayon sports w’ico gihe Olivier Karekezi mbere n’igihe LLBS4A yakira ngaha Rayon Sports mu mahiganwa ya CAF Champions League uyo mumenyereza yagaragaye muri Staff ya Rayon Sports.

Yarakiniye Umugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi , akinira nk’imigwi ya Rayon Sports , APR Fc , St Loi Lupopo yo muri Congo hamwe na Inter Star yo ngaha iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890