africa newsBurundihomepagekirundi

Kamatari yatanguye gutanga udufukamunwa yakoreye abanya Mali

Inyuma yaho Esther kamatari amenyeshereje ko ariko akora udufukamunwa tugenewe guhabwa abanya Mali, uwo munyamideri w’umurundikazi akomeye yatanguye gutanga imfashanyo ku bigo bitandukanye vyo muri ico gihugu.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru France 24 mu kiganiro cabo Afrique Hebdo, uwo muvyeyi yamenyesheje ko amaze guha utwo dufukamunwa, abo mu kinyamazuru bita aba Pompiers kuko bo ngo aribo bashobora kunyaruka kwandura iyo ngwara kuko aribo bitabazwa iyo hagize umurwayi akenerwa gushikanwa kwa muganga.

Abandi uwo muvyeyi yahaye utwo dufukamunwa n’aba ni ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nabwo bwahavuye butanga ubwo bufukamunwa ku bafungwa b’abagore. Utwo dufukamunwa nyene tukaba twemejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Mali.

Abandi bahawe nkuko uwo mwana wo mu nda y’Ingoma yabandanije abiyagira France 24 ni ni abarimvyi bari basanzwe bakora muri ico gihugu nyene, kuko abo nyene basanzwe bakora amasakoshi akozwe mu bikoresho bitonona ibidukikije.

Hampande y’utwo dufukamunwa, uwo muvyeyi yamenyesheje ko batangana n’isabuni kugira bavunire akagohe abantu ko bategerezwa gukara kandi ko ako gafukamunwa gasanzwe kamesurwa kugira ubashe kugakoresha kenshi gashoboka.

Yanagiriyeko avuga ko impamvu yahisemwo gukoresha ibikoresho bashobora kuronka muri ico gihugu nyene ari kugira yerekane ko ata kamaro ko kuja kurondera inyishu kure, mu gihe bashoboye kuronka inyishu hampande yiwe.

Mwomenya ko uwo muvyeyi asanzwe afise n’ubwenegihugu bw’ubufaransa, akaba kandi n’umwe mu bayobozi mu gace asanzwe abamwo mu bufaransa, ariko ngo yahisemwo kuguma muri ico gihugu kugira abashe nawe guterera agacumu k’ubumwe kuri ico kibazo gikeneye inyishu zivuye hirya no hino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764