footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Kabanange aracishuza CAF agashimwe kiwe

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu wa Congo Junior Kabanange yavuze y’uko gushika muri kino gihe atarahabwa ikirato ciwe c’inzahabu inyuma yo gutorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri CAN yo mu mwaka wa 2017.

Kabanange akaba asanzwe akinira umugwi wa Qatar Sc yo mu gihugu ca Qatar akaba ariwe yinjije ibitsindo bitatu muri izo nkino za CAN zabera muri Gabon.

Uyo musatirizi w’imyaka 31 akaba amaze kwibutsa agashimwe kiwe abatwara umupira muri Africa CAF abicishije mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Congo ( FECOFA)

Akaba yagize ati ” sinatoye agashimwe nanje k’umukinyi yinjije ibitsondo vyinshi avuye muri (CAF ) nararungitse ubutumwa ndabicishije kuri FECOFA ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Congo gushika n’ubu ndacarindiriye nkeneye kugumana agashimwe kanje muhira”

Benshi rero bikaba vyabasize ubwenge kubona ishirahamwe rikomeye nka CAF rimara ikiringo c’imyaka itatu yose riheraniye umukinyi agashimwe kiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890