BurundihomepagekirundiPolitique

Amatora yo mu 2020 : Nahimana Dieudonné yitoza ku giti ciwe ni nde?

Nahimana Dieudonné yavukiye muri komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga mu mwaka w’1974, akaba agiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe.
Mu vyo yaranguye, haciye imyaka 25 atanguje umuhari w’urwaruka rw’imboneza mw’ikanguro ryo mu mitima mu mico no mu mibereho, witwa NEW GENERATION. Yari awurongoye gushika mu mwaka w’2019.

Ari mu batanguje kandi yahora arongoye Ihuriro ry’amashirahamwe y’urwaruka ruri mu bikorwa: Réseau des organisations des Jeunes en Action – REJA. Yatanguje igikorwa cigisha ivy’uburongozi kigashigikira imigambi ifise intumbero yo kwigisha uburongozi nkorerabandi citwa Dieudonne Nahimana Foundation – DNF.

Nahimana Dieudonné Yaronse ubushimwe butari buke, harimwo agashimwe kahawe ishirahamwe ry’urwaruka ridasanzwe muri Africa “THINK TANK AFRICA AWARD” mu mwaka wa 2004 i La Haye mu Buholande, agashimwe k’igikorwa c’ubuhizi mu Burundi “VISION POUR DEMAIN AWARD”, i Bujumbura mu 2006, umudari w’uko umurwi w’abana bahoze baba mw’ibarabara yatwaye guhiganwa mu mupira w’amaguru mu gihugu ca Brésil babaye aba kabiri kw’isi yose – SCWC 2014 hamwe n’umudari w’intwari n’imibano myiza mu bantu, “À TITRE EXCEPTIONNEL POUR L’AMITIÉ DES PEUPLES” yahawe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Bimwe mu vyamutumye ashaka kwitoza nk’uwigenga, avuga ko ababazwa n’amacabubiri, ka mwana wa mama, igiturire no kwikunda avuga ko vyagiye vyibonekeza ku barongozi, bikaba vyarazingamitse igihugu. Avuga ko ashaka guha ikibanza ca mbere urwaruka.
Ibindi ashira imbere ni gusubiza agaciro ubuzima bwa zina murundi, ata nyagupfa ata nyagukira, akazoharanira iteka n’itekane kuri bose, kandi agaha agaciro imico kama, gufasha umurundi wese kugira abe ahameze neza, irondoka rijanye n’amagara meza kugira abavyeyi n’abana bagire amagara meza, agatunganya n’ibijanye n’indero mu mashure, guteza imbere uburimyi n’ubworozi be no kworohereza abagwizatunga, abashingamigambi, abadandaza, n’igisata c’ingenzi, guteza imbere uburongozi nkorera-bandi mu gukomeza uburongozi bwubakiye ku mico ngengabuzima y’ubuntu, ubutungane bunywanisha bugashirwa imbere hamwe no kunagura imigenderanire yubahiriza iteka n’ubwigenge bw’igihugu c’u Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764