homepageJudokirundikirundi_Sports

Judo : Inama zibiri nizo zakoranije abegwa na Judo

Kuri uyu w’imana kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, haratunganijwe inama zibiri mw’ishirahamwe rya Judo mu Burundi mu nyubakwa za dojo national iri iruhande y’ikibuga citiriwe Intwari.

Imirwi 47 ivuye mu ntara zitandukanye niyo yitavye iyo nama ya bose nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe rya Judo mu Burundi umushingantahe Valéry Manirakiza.

Iyo nama ikaba yari mu mice ibiri :

Inama ya mbere ,yarisanzwe, ico bita mu gifaransa :”assemblée ordinaire” ikaba yarijanye n’ukwiga amategeko agiye kugenga iryo shirahamwe , irindi tegeko ryizwe n’irijejwe amatora ico bita mu rurimi rw’igifaransa Statut et code électoral, ikindi naco barabiye hamwe uko umwaka w’inkino wabo wagenze muri rusangi mu bijanye n’intwaro, ubuhinga hamwe no mu gisata c’ubutunzi aho umwe umwe mu barongoye ivyo bisata yasiguye uko vyagenze , mbere abari muriyo nama bari bafise uburenganzira bwo kubaza.

Mu yundi muce w’inama idasanzwe bita mu gifaransa :”assemblée extraordinaire” barabiye hamwe amategeko mashasha agiye kugenga urwo rukino rwa Judo. Valéry Manirakiza akaba yamenyesheje ko amategeko agenda ahinduka ku rwego rw’isi , ngo kuko ayo bahora bakoresha arayo muri 2009, ati rero bunguranye ubwenge mbere bongera barahanahana ivyiyumviro.

Mu mategeko mashasha, bize ukungene mu gihe habaye ikibazo mw’ishirahamwe bocigira hamwe .Ica nyuma nuko bongeyemwo mu nama nshingwabikorwa ya Judo mu Burundi uwuserukira abakinyi hamwe n’uwuserukira abakenyezi ngo kanatsinda abakenyezi bitwara neza muri urwo rukino.

Mwomenya yuko abakenyezi muri iyo nama nshingwabikorwa ya Judo  bangana ibice 30 kw’ijana.

Tubibutse yuko batunganije ivyo bikorwa ku bufadikane n’urwego rujejwe amashirahamwe y’inkino mu Burundi CNO hamwe n’ubuserukizi bw’ubufaransa mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871