Umuririmvyi Mb Data yamesheje ko agiye gushira ahabona ikindi gikorwa naho atashoboye kumenyesha ngo ni ryari agiye gutanga ico gikorwa.
Kuri uyu wa wakane itariki 2 z’ukwezi kwa kane abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook yanditse amajambo yerekana ko ari mugusohora iyindi ndirimbo ariko kandi hakaba harimwo n’utubazo aho yanditse agira ati:
“Uku niko ndaba imbuga y’umuziki iyo ngira ndabahe ikindi gikorwa .
Ikibazo nagize ni kimwe ndabahe ndi jenyene canke ndabahe collabo?”
#Naweye
#Stay_safe
#Stop_corona
#Stop_COVID_19
Ayo ni amwe mumajambo yanditse mugihe hari haciye igihe humvikanye bumwe mubutumwa buhimiriza abanyagihugu gukurikiza ivyo basabwa n’ubushikiranganji bubijejwe mukubandanya bikingira umugera wa Corona.