footballhomepagekirundikirundi_Sports

Iki nico catumye Joslin Bipfubusa ahagarikwa muri Aigle Noir

Mugihe umugwi wa Aigle Noir wari uhejeje kunyagirwa ibitsindo 4-1 n’Umugwi wa Burundi Sport Dynamic mu rukino rw’indwi ya 27 y’ihiganwa rya Primus league Burundi , uburongozi bw’uyo mugwi bwaciye bufata ingingo yo guhagarika ivyagateganyo Umumenyereza wayo Joslin Bipfubusa .

Honorable Reveriano Ndikuriyo asanzwe ari fondateur w’ Umugwi wa Aigle Noir akongera agatwara FFB hamwe n’inama nkenguzamateka mu Burundi abicishije ku rubuga rwa Facebook  yavuze y’uko Uburongozi bw’umugwi wa Aigle Noir bwasanze indwi yose abakinyi batigeze bakurikiranwa n’umumenyereza mukuru Joslin Bipfubusa kuburyo n’urutonde rw’abakinye ataho vyari buhuriye n’uko Umugwi usanzwe utunganijwe mbere aravuga y’uko Joslin ahawe akaruhuko azosubira gutegura ihiganwa ryo mu mwaka wa 2020-2021 , naho biruko azobandanywa ahembwa ukuri kwamye .

Akaba yanditse ati” Kubera twasanze indwi yose abakinyi batakurikiranywe n’Umumenyereza mukuru kuburyo n’urutonde rw’abakinye ataho bihuriye nuko umurwi usanzwe utunganijwe,
UBUYOBOZI BWA AIGLE NOIR BURAHAYE AKARUHUKO ( CONGÉ PAYÉ) UMUMENYEREZA MUKURU. Ahawe umwanya wo gutegura Saison 2020-2021

Inkino zisigaye n’igikombe c’Umukuru w’igihugu bizokorwa n’Umumenyereza wa AIGLE NOIR U17 ( GUSTAVE) afashijwe na Coach Adjoint AIMÉ NZOHABONAYO”.

Ku makuru Indundi Sports yatohoje ni uko igihe Umugwi wariko uritegurira urukino Dynamic Umumenyereza Joslin Bipfubusa yari yibereye i Bujumbura Aimé Nzohabonayo niwe yateguye umugwi ngo hageze ko Aigle Noir imanuka i Bujumbura gukina na Dynamic Aimé yarapanze urutonde rw’abakinyi batangura mu kibuga Joslin Bipfubusa araruhindura mugihe atariwe yari yateguye Umugwi naho ari Umumenyereza mukuru.

Kuva ihiganwa ry’uyu mwaka ritangura Umugwi wa Aigle Noir wari Umugwi uteye ubwoba kandi utinyitse ni n’ubwa mbere unyagirwa ibitsindo 4-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891