bp-members-invitationhomepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

Volley-ball : Ntwari Trésor yahishuye ibanga

Umukinyi w’igihangange Trésor Ntwari akinira Rukinzo volley ball club , niwe mukinyi wa mbere afise ibikombe vyinshi cane muri volley ball na volley beach kukaba nkako niwe wenyene ashikanye isizene 15 akina hano iwacu akaba yaraciye muri académie ya Niyongabo ,Muzinga no mu murwi nserukiragihugu tukabibutsako yagenywe ngo abe capitaine wa Muzinga mu mwaka wa 2006.

Naho trésor yitayeho volley ntiyaretse kubandanya ishure kuko yahejeje kaminuza kuri université Martin Luther King mu gisata ca psychologie clinique.
Yatubwiye kandi ko kuba agikina abikesha indero no gukurikiza impanuro ahabwa n’abamukurikirana agashimira na coach Opc1 Kabura yamufashije kugaruka ku rwego rwiwe rwa kera.

Ntwari Trésor agira kabiri mu muryango akaba avukana na Boris Évrard Mucowintore ,Bryan Mugabowingabo akinira amical na Bella yakinira les As ubu yubakanye na Jean de Dieu Mukundiyukuri umusifuzi mpuzamakungu wa volley beach vyumvikana ko avuka mu muryango wa volley .

Indundi sports yamubajije abakinyi batandatu yakunze n’umumenyereza yamuryoheye kera ,Ntwari yavuze ko yemera Mfasha Zénon,Arthur Baziri,Minani,Kabura na Touré hamwe na Jeff akaba yavuze ko umumenyereza yemeye kera ari Teacher aba muri Belgique yigeze kubamenyereza.

Yanatubwiye abagikina yemera akaba yavuze Hugues,Yvan na Fiston ba Rukinzo , Bryan,Évrard na Gado ba amical na Olivier wa BUN na Donald wa Gacosmos.

Mu makuru azokurikira ya volley tuzobabwira ubuzima bwa Dr Nderagakura Sixte wa amical .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872