homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Sahabo Pariss ngo ntiyashimye kunganya na Messager Ngozi

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2020 niho umugwi wa Vital’o Fc wari wakiriye umugwi wa Messager Ngozi mu rukino rw’indwi ya 27 ya Primus league urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi inganije 0-0.

Inyuma y’urwo rukino Indundi Sports yararonse akaryo ko kuyaga n’Umumenyereza wa Vital’o Fc Sahabo Pariss kugira avuge ico babuze kugira batahukane itsinzi Pariss akaba yavuze y’uko atavyakiriye neza kunganya n’Umugwi Messager Fc kuko bari bizeye gutsinda .

Akaba yagize ati” Sinavyakiriye neza kunganya kuko twari twizeye gutsinda ariko siko vyagenze ivy’umupira biragoye ”

Abajijwe icoba cabuze kugira igitsindo kiboneke Pariss akaba yavuze ati” twabuze amahirwe kuko twashoboye gushika imbere y’igori biranka ko twinjiza ariko ntakundi n’uko nyene umupira umeze ”

Sahabo Pariss akaba yarangije avuga y’uko Umusatirizi wabo akina Ku nimero 9 ariwe Trésor agiye kuboneka mu rukino rwa Musongati Fc .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874