footballhomepagekirundikirundi_Sports

Ndarusanze Claude Lamba Lamba na bagenziwe bagabishijwe

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2020, niho ku rubuga Facebook rw’umugwi wa Kayanza United habonetse ubutumwa buvuga y’uko uyo mugwi ugabisha bamwe mu bakinyi bawo , muri abo bakinyi bagabishijwe hakaba harimwo Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba , Rashid Leon , Iddy Said Ballack hamwe na Landry Ndikumana intandaro ya vyose ni inyifato itabereye abo bakinyi bafise.

Kuri urwo rubuga hakaba handitswe uku gukurikira “UMURWI WA KAYANZA UNITED URAGABISHA BAMWE MUBAKINYI BAWO…

Bivanye n’inyifato zidashemeye kubakinyi bamwe bamwe kimwe mu biriko biratuma umwimbu uboneka udashemeye kukaba nkako abakinyi bakurikira :

-NDARUSANZE Jean-Claude LAMBA LAMBA
-IDDI SAIDI Djouma Ballack
-HARERIMANA RASHIDI Léon
-NDIKUMANA Landry

☆Basabwe kuba bari mu Kayanza bitarenze itariki 12/04/2020.

Uwuzorenza iyo tariki ingingo zikurikira zizofatwa:

-Kudahembwa umushahara w’ukwezi kwa gatatu.

-Uwufise amasezerano y’umwaka na Equipe ,azoronswa libération canke transfert abanje gusubiza igice c’amahera équipe yamuhaye

-Uwufise amasezerano arenga umwaka na Equipe,Ntaruhusha rwo gukina muyundi équipe azoronswa.

-Kubera inyifato zidashemeye z’abo bakinyi umurwi wa Kayanza United ugiye kwandikira uburongozi bwa FFB ubusabako abo bakinyi bawo batosubira gutumwako mu murwi nserukiragihugu.

Ivyo bikaba biri mw’ikete ryanditswe na kizigenza w’umurwi wa Kayanza United akaba yarangije asaba umumenyereza kumenyesha abo vyega.

Mukamenya y’uko Kayanza United iri mu kibanza ca 12 mu rutonde rw’imfatakibanza rw’imigwi ya Primus league igakubitwa inkino zose zisigaye ishobora kumanuka mu cicaro ca kabiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891