BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abaririmvyi bamwe ngo bazingamitswe n’ukutagira ubumenyi mu muziki

Umuziki ndundi ngo uzingamitswe na vyinshi, ku ruhande rw’abaririmvyi ngo hari impamvu 5 nyamukuru umumenyeshamakuru Christian Nsavye na mugenziwe Alain Nova bashikirije, mu gihe mugenzi wabo Patrick Paggio yabashigikira mu kubija mu mizi ivyo bibazo.

Kimwe muri ivyo bibazo ngo n’ibura ry’ubumenyi mu baririmvyi, abo baririmvyi bamwe ngo barafise Ingabire n’indoto ariko ubumenyi ni buke. Abo nyene bakaba ngo batagira ubumenyi kuko batagira ababigisha, ariko abandi bo ngo n’ukudashaka kuburondera kubera ukwigira ko bazi.

Iyindi ntambanyi Nsavye yashikirije n’ibura ry’Uburyo mu kugira babashe guteza imbere umuziki wabo. Aho akavuga ko habura uburyo bwo gushira muri uwo muziki ngo bakore amasanamu meza, bayamenyekanishe mbere banakore imirwi ijejwe gukurikirana ibikorwa vyabo “Label”.

Iyindi ntambanyi n’ibura ry’ibiherekezwa bifasha kugira uwo muziki ubashe gutera imbere, aho ni nk’ivyo leta yategerezwa gukora, ukudashigikira umuziki ndundi muri rusangi, nkuko bibonekera mu myidogo abaririmvyi bashikiriza, nk’uko abamenyeshamakuru batavuza indirimbo ndundi bihagije, aba Dj co kimwe, eka n’ibindi vyinshi.

Ukubura abategura n’abatunganya ibikorwa biherekeza umuziki nk’ibiteramo naco ngo n’ikindi kibazo gikomeye cane. Igituma ngo nuko aha iwacu abantu bose bakora vyinshi n’ivyo baba badashoboye, aho umu MC ariwe aba ariko ategura igiteramo n’ibindi vyinshi, ibiba bitandukanye n’ibiba mu bindi bihugu vyateye imbere, aho uwushoboye ariwe ahabwa akanya ko gukora ico ashoboye.

Alain Nova nawe yayiciye umuryango aho avuga ko ikindi kibuze muri uno muziki wacu ari akarangamuziki k’uno muziki wacu, aho buri muntu awumvise yumva ko uva mu Burundi, kurya twumva rumba iva muri Congo, canke iyo muri Afrika y’epfo, mu burengerazuba n’ahandi.

Alain Nova na Patrick paggio bahurije ku yindi mvo yuko ukutemera ko wafashijwe mu kwandikirwa indirimbo, canke wafashijwe iki canke kiriya muri uwo muziki ngo ari ikindi gifukamye mu nda uwo muziki ndundi.

Ivyo abo bamenyeshamakuru bakaba babishikirije mu kiganiro bagiranye na mugenzi wacu Fanny Nyamurangwa ku mboneshakure DFTV 257.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775