HealthhomepagekirundiWorld News

Ikena ry’udukingirizo rishobora guhangayisha isi gusumba CORONA VIRUS

Hampande yuko isi iriko irabura abantu ku bwinshi kubera ikiza ca Corona Virus kiriko kiratema gitongora muri kino gihe, isi ishobora kugira ikindi kibazo gikomeye mu misi ya vuba nkuko ONU ibishikiriza.

Ico kindi kibazo isi ishobora guhura nayo vuba cane ngo n’ibura ry’udukingirizo, kandi aho kw’isi hose naho bavuga ko ibihugu bikenye ngo arivyo bishobora gukorwako cane gusumba ibihugu bitunze. Utwo dukingirizo ngo tukaba tuzozimba cane ku masoko.

Imvo n’imvano ngo n’uko uno musi abantu basabwa kuguma mu mazu kubera ico kiza, amahinguriro atandukanye kw’isi akaba asa nkaho yugaye, gutyo bigatuma abadukenera baba benshi, ariko udukorwa tukaba duke, bigaca bituma utwo dukingirizo duca tuzimba gusumba.

Amahinguriro adukora amwe amwe akaba avuga ko umukozi 1 kuri 2 ariwe asigaye akora, gutyo bigaca bituma umwimbu utaba ushimishije ku buryo abantu bose babasha gukwirwa n’utwo baba bakoze. Ariko naho biruko amahigwe akaba ahari kuko ubushinwa busa nkaho bwasubiriye kuvyuka, gutyo ngo bishobora guca bituma bongereza inguvu ngo hakorwe twinshi dushoboka.

Ivyo rero bikaba bishobora kuzotuma ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka zigwira cane, s’ico gusa kuko ngo n’inda zitipfujwe nazo zishobora kuba nyinshi bigatuma noneho abazikuramwo nabo babandanya kwiyongera, na rirya ubu baba bari mu rugo.

Aho inyuma mu gihugu kibanyi c’Urwanda bo bakaba batanguye gusaba imiryango kuba maso kugira ntihaze haboneke inda zitipfujwe kuko bagumana ari umuryango muri kino gihe bariko binjira mu ndwi ya 4 basabwe kuguma mu mazu yabo ntibasohoke.

Ivyo bikaba biriko bishika mu gihe ico kiza kimaze guhitana abarenga 100.000 nayo abarenga 1.700.000 bamaze gufatwa n’ico kiza kw’isi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755