footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Mama wa Neymar asigaye afise umukunzi w’imyaka 22

Nadine Goncalves mama wa Neymar Jr umukinyi rurangiranwa asigaye afise umukunzi mushasha nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru UOL Le sport abishikiriza. Ivyo bikaba vyashizweko igikumu n’ishusho umuvyeyi w’uwo musore yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ico kinyamakuru dukesha iyo nkuru kikaba camenyesheje ko mu kiyago yagiranye n’uwusanzwe atanga amakuru y’uwo mukinyi yemeje ko uwo mwana asigaye asohokana n’uwo muvyeyi wa Neymar.

Kuri iyo shusho uwo muvyeyi yashize ahabona, Neymar co kimwe na se amuvyara bakaba bagize ico bayivugako, aho umuhungu wiwe yipfurije umunezero uwo muvyeyi wiwe, nayo papa wiwe akaba yashize commentaire kuri iyo shusho aho yashizeko udushusho twa Pomme.

Uwo musore asigaye asohokana n’uwo muvyeyi wa Neymar akaba afise imyaka 22 y’amavuko, akaba asanzwe ari umu Mannequin akaba kandi n’umukinyi. Uwo musore akaba kandi yari ku musi mukuru w’amavuko y’uwo musore aheruka kuba nkuko ico kinyamakuru nyene kibandanya kibishikiriza.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe uwo mukinyi ari muri Bresil muhira iwabo, aho yari yatashe kuraba umuryango noneho bugara ibibuga vy’indege ariyo akiri, ntivyaba bigikunze ko asubira mu Bufaransa aho asanzwe akinira mu murwi wa PSG.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891