BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B yerekanye indirimbo yamwinjirije menshi ariko ntiyavuga amahera yinjije

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Sat-B aheruka gushikiriza ko indirimbo yiwe nshasha Izina ariyo ndirimbo yamwinjirije amafaranga atari make ku rubuga rwiwe rwa Youtube. Iyo ubu twandika ino nkuru ikaba yari igeze kuri Views zirenga 28,000.

Uwo muririmvyi naho wumva yivuze bigakomera, ntiyabashije kuvuga neza amafaranga iyo ndirimbo yamwinjirije, icahavuye kivurwako n’umwe mu bahoze ari abamenyeshamakuru b’umuziki ku nsamirizi Rema Fm.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Ismail Niyonkuru yakeje Sat-B kuri iyo ntambwe yateye, ariko agirako amukebura ko hari ivyo atarakwiye kuvuga kuko bitari ngombwa. Ahubwo amuhimiriza kuzoza arashimira abamubaye hagufi kugira ibikorwa vyiwe bigende neza.

Muri ivyo avuga ko atari gukora, harimwo ngo ukutaza aravuga ko iyi canke iriya ngo yamwinjirije amafaranga menshi, igituma ngo nuko bica bituma abantu babaza ibibazo birimwo ayo yinjije, canke impamvu yatumye iyindi ndirimbo itamwinjirije menshi nkayo.

Ivyo bakaba babimubwiye mu gihe yabishikirije iyo ndirimbo yarimaze akanya gato cane ishizwe ahabona

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775