Entertainmenthomepagekirundimusic

Ng’ubu ubutumwa Aimé Loveness yahoze muri Mirrow Team yahaye abakunzi b’umuziki ndundi

 

Amajambo atanyegeje namba niyo yuzuye buno butumwa we yise Ikete kubakunzi b’umuziki, aho yanditse amajambo maremare nawe akaba ari Aime Loveness umwe mubasore bafise impano kandi ubona ko agerageza kuvyifatamwo neza

Ubutumwa burebure bwanditse buti:

Ikete kubakunzi b’umuziki

“Uburundi nicibare cacu aho twese twisanga, umuziki nigikoresho twahawe kugira tugire aho dufashije umuntu mubutandukane bwivyo dukeneye.
Urukundo ntirugira ibanga yamara nico rugutera, ukiyumva ukudasanzwe nkawawundi ngo akabogaboga kumutima gaseseka kumunwa.

Icishe umuziki ndundi sikiva hanze ihibambewe yamara nico twaremye n’imitima yacu twisanga twimbuy ubuhumyi nukutakimenya ibibereye, ivyo abantu bagakwiye kuronka, turogwa nakamanyu kumutsima, duhabwa ishano nabo dushigikiye twisanga tur mutugwi tugwi tugamije guhungabanya bamwe ngo ivyabo bikunde biboneke nkibidasanzwe, Yemwe bamwe nabandi bagatanga nibijumbu kugira ivyabandi biboneke nkibitagiye kwishure nkuko bikunzwe kuvugwa, Bamwe bimitima ihemuka indimi zabo zikagoba, microphone zabo zigaturira, ikinyoma kigahingurwamwo ukuri.
Ukora ivyo wese aribuka ko ari inkuba atari Imana.

Kuba umwe yize kahise uwundi akibuka ko Mwezi Gisabo ariwe yagwaniye imbibe zigihugu ntizari imbogamizi zidutuma kutavomera zose, namabaruwa yandikiwe abaroma…mbona anasomegwa abarundi.
Tuzokwidoga dusubire twimene, iminkanyari idutere, ntamashirahamwe azotwizera mugihe tutatanze umwizero kuribo, kwizera bifise ikiguzi kinini atari amafaranga, inyifato zacu nizo zitwereka abo turi nico dushoboye.

Iyoba vyoshoboka uwaturoze yosubiyeyo agahohosha hako tubaho nkabadashoboye kandi barya twemera batubona nkabadasanzwe.
Nako ngo icavu cahafi gitera urunyagaga uwo muco urakwiy gucika tukavomera zose kuko tutazi uruzokwama kare, ni dutegure kazoza keza kumuziki wacu ibanga risubizwe beneryo, iyishaje itagishoboye ibagwe ibere ifunguro n’agakoni ko kurugendo bamwe nabandi igisigaye tuzokwandika amateka yabo asomegwe abaroma”

Aimé Loveness
Hapa kazi tuu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769