footballhomepagekirundikirundi_Sports

Saido Berahino ashobora kwimukira mu wundi mugwi

Kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Saido Berahino akinira mu mugwi wa Zulte Weregem wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ububirigi ashobora kwimukira mu wundi mugwi .

Ivyo bikaba vyaraye vyanditswe n’ikinyamakuru NIEUWSBLAD Aho ico kinyamakuru cemeje y’uko gifise inkuru yo kwizera kuri iryo yimuka rya Saido Berahino mu wundi mugwi .

Ikinyamakuru NIEUWSBLAD kirongera  kikavuga y’uko ubutunzi bw’umugwi wa Zulte Weregem butifashe neza muri kino gihe c’ingwara ya Coronavirus uyo mugwi  wizeye kugurisha Saido Berahino kugira uronke amahera yo kwitegurira ihiganwa ry’umwaka uza.

Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Bubirigi Jupiler Pro rikaba ryarahagaritswe  Saido Berahino amaze gutsinda Ibitsindo 5 atanga n’imipira ishika kuri 8 ivyara ibitsindo .

Mukamenya y’uko Saido Berahino yakiniye imigwi yo mu bwongereza nka West Bromwich Albion hamwe na Stock City muri iyo migwi ibiri yo mu bwongereza yayikiniye inkino 180 ayinjiriza ibitsindo bishika kuri 40.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891