footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Tchabalala yiyongereye mu bakinyi b’abarundi bafise inzu zabo

 

 

Umukinyi wo ku ruhande mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala yiyongereye ku rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba Indundi Sports izi basanzwe bafise inzu zabo bavanye mu mwugwa wabo wo gukina umupira.

Mu kiganiro Hussein Shabani Tchabalala yakoranye na Indundi TV mu misi iheze uyo mukinyi akinira umugwi wa Bugesera Fc wo mu gihugu c’Urwanda yemeye y’uko aho asanzwe aba muri kino gihe ari iwe kandi adafise urupangu rumwe gusa afise n’ibindi bibanza bishika kuri bibiri yaguze.

“Icambere nshobora kuvuga ndashimiye Imana yampaye iki kibanza mbamwo aha ni iwanje nahaguze ku mahera yanje nakoreye biciye kukuguru kwanje , ndashimiye Imana kubona yampaye ingabirano yo gukina umupira w’amaguru”.

Abajijwe ikibazo c’uko yoba afise ico kibanza conyene canke afise ibindi akaba yishuye ati ” simfise aha honyene mfise ibindi bibanza bishika kuri bibiri”

Tchabalala amaze gukinira imigwi ya Metalco Fc, Nile Olympic, Flambeau de l’Est , Vital’o Fc mu Rwanda naho amaze gukinira Amagaju Fc , Rayon Sports hamwe na Bugesera asanzwe akinamwo muri kino gihe , yakiniye no mu cicaro ca mbere muri Africa y’epfo mu mugwi wa Baroka Fc asubira akina no muri Ethiopia mu mugwi wa Ethiopian Coffee.

Mukamenya y’uko Hussein Shabani Tchabalala asanzwe aba mu Kanyosha ari naho yakuriye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891