africa newsHealthhomepagekirundi

Covid-19 : Umuryango w’ubumwe bwa Afrika ngo ugiye gupima umuti wa Madagascar

Umuryango w’ubumwe bwa Afrika watangaje ko uriko uravugana na Reta ya Madagascar kugira ngo upime neza ko umuti ico gihugu giheruka gutora ko koko woba uvura covid-19.

Nk’uko biri mw’itangazo umuryango w’ubumwe bwa Afrika washize ahabona kuri uno wa kabiri, uwo muryango umenyesha ko uriko uregeranya amakuru avurwa kuri uwo muti wiswe covid organics urabe koko ko woba uvura covi-19, ndetse n’ibigo bijejwe kurwanya ama virus, Africa CDC bikaba ngo bigiye gusuzuma neza uwo muti.

Mwomenya ko umuryango mpuzamakungu witaho amagara y’abantu kw’isi OMS, umenyesha ko gushika iyi saha ata muti uwo muryango uremeza ko uvura covid-19. Yamara naho biri uko, umuryango OMS uvuga ko bikwiye ko uwo muti usuzumwa ukanageragezwa n’abahinga badasanzwe mu bijanye n’amagara y’abantu.

Reta ya Madagascar yo imenyesha ko uwo muti covid organics ko wapimwe, urasuzumwa ndetse uranageragezwa mu buryo budasaznwe n’abahinga mu buganga bo muri ico gihugu ari nabo bahavuye bawemeza ko koko uvura covid-19.

Ku musi wa mbere waraye uheze, Perezida w’ico gihugu Andry Rajoelina yatangaje ko bagiye gutangura kugerageza urucanco narwo bakoresheje igiterwa bahinguyemwo uwo muti.

Gushika ubu, abategetsi b’ibihugu vya Guinée Bissau, Guinée Equatorial, Congo hamwe na Tanzaniya bamaze gushikiriza ko bakeneye ko Madagascar ibahako uwo muti ukozwe mu giterwa ca Artemisia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755