footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Ihiganwa rikinamwo Youssuf Nyanye rigiye kubandanya

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 06 Rusama 2020, niho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Turquie Nihat Ozdemir yamenysheje y’uko iryo higanwa ry’umupira w’amaguru ryo muri ico gihugu co kimwe n‘inkino zose zigiye kubandanya ku magenekerezo ya 12, 13 hamwe na 14 z’ukwezi kuza kwa Ruheshi 2020.

Uguhagarikwa kw’inkino vyatumwe n’ingwara ya Coronavirus imaze amezi iriko iratikiza inganda kw’isi ivyatumye amahiganwa nka yose yo kw’isi ahagarara .

Mukamenya y’uko iryo higanwa risanzwe rikinamwo Umukinyi w’Umurundi ariwe Youssuf Nyange akaba akina mu mugwi wa Malatya Sport ukina mu cicaro ca mbere ngaho nyene muri Turquie .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890