BurundiArsenalChelseafeatured sportfootballhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Mouhammed Amissi niwe mukinyi wenyene avuye iburayi azokwifadikanya n’Intamba U 20

Ntawundi umukinyi azova iburayi kuza kwifadikanya n’Intamba U 20 atari Muhammed Amissi . Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Reveriano Ndikuriyo asanzwe atwara inama Nkenguzamateka ndetse n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu kiganiro yaraye akoze n’abamenyeshamakuru.

Akaba yarasiguye impamvu abakinyi nka Mike Tresor akina muri Hollande hamwe na Paficique akina mu gihugu ca Australia batashoboye Kuza kwifadikanya n’abandi mugihe bari bahamagawe mu rutonde rw’abakinyi 29 intamba U 20 zizokwikorako mu inkino za CAN U 20.

Impamvu yoba yatumye Ndayishimiye Mike Tresor atashoboye kuza aruko amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’ububirigi w’abatarenza imyaka 19. kugira uburundi bumuronke mpaka ishirahramwe ry’umupira w’amaguru mu bubirigi ryandikire ikete ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryemeze koo ritara mukinisha. Nayo Pacifique we hakaba hari impapuro zimwemerera gukinira Intamba mu rugamba atararonka ariko nyakwubahwa Reveriano Ndikuriyo akaba yaratanze icizere cuko mu Intamba za U 23 abo bakinyi bashobora kuboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 898