Inyuma yo kumara indwi zirenga zitatu ata nkino ziriko ziraba kumvo y’ibikorwa vy’igihugu bimaze imisi biriko biraba , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona ikirangamisi c’inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu .
Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga c’intwari umugwi wa Rukinzo Fc uzoba wakiriye Aigle Noir mu rukino rwo gutangura mu gihe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 26 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga c’intwari umugwi wa Inter Star uzoba wakiriye umugwi wa Musongati Fc.
Inkino zo gusubiriza zizoba kuri aya matariki akurikira :
-Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 06 Ruheshi 2020, isaha icenda 15h00 i Bujumbura ku kibuga ca Peace Park Complex , umugwi wa Aigle Noir uzokwakira Rukinzo Fc
-Ku musi w’Imana igenekerezo rya 07 Rusama 2020, isaha icenda 15h00 i Gitega ku kibuga c’ingoma umugwi wa Musongati Fc uzoba wakiriye umugwi wa Inter Star.