BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Amatora yo mu 2020 : Imigabo n’imigambi ya Domitien Ndayizeye

Imigabo n’imigambi ya Domitien Ndayizeye hamwe yogira amahirwe akamwa kuba umukuru w’igihugu ishingiye ku bintu bikuru bikuru bikurikira :

Mu migambi yiwe, Domitien Ndayizeye mu vyerekeye ubutunzi n’iterambere ategura guteza imbere uburimyi n’ubworozi, guhimiriza urwaruka kwijukira gukora utwabo mu bisata bitandukanye, gusubiramwo itunganywa ry’amakori, guteza imbere ibisagara bitobito, kurwiza amasoko ntanganguvu n’ibindi.

Nayo mu vyerekeye imibano, Domitien Ndayizeye ategura gusubiramwo inyigisho, ibijanye n’imishahara, kurwiza ubuzi, gusubiramwo ivyo ubuvuzi n’ibindi.

Mu bijanye na poritike, Domitien Ndayizeye ategura gusasagaza intwaro ibereye, guhagararira ubutungane bubereye, gukomeza ubuhinga bw’inzego z’umutekano, no kunagura imigenderanire.

Perezida Ndayizeye yoba ari nde?

Domitien Ndayizeye niwe arongoye urunani KIRA BURUNDI akaba ari nawe azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’urwo runani.

Yavukiye muri komine n’intara ya Kayanza mu mwaka wa 1953. Mu buzima bwa poritike Domotien Ndayizeye yarabaye mu muhari MEPROBA washinzwe inyuma y’ubwicanyi bwo mu mwaka w’1972, aho yari mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda, azezwa amabanga atandukanye.

Mu nyuma yahavuye yinjira mu mugambwe Sahwanya Frodebu mu 1992. Amaze guhunguka, muri Nyakanga  1993, Ndayizeye yarajejwe amabanga atandukanye haba mu mugambwe Frodebu ndetse no mu butegetsi bw’igihugu.

Mu gihe Uburundi bwari mu ntambara yadutse inyuma y’aho umugwi w’abasirikare ico gihe ugandaguriye umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, Domitien Ndayizeye yarapfunzwe incuro zibiri. Ubwa mbere, yapfunzwe kuva muri Ruhuhuma 1995 aza kurekurwa muri Ntwarante 1996, yagirijwe ko yari yifadikanije n’umuhari CNDD warwanya ubutegetsi.

Yasubiye gupfungwa mu kwa kabiri aho yamaze indwi imwe mu gasho k’igipolisi kijejwe umutekano mu gihugu (police de Sécurité Publique, PSP), yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, bitumwe n’uko umugambwe Frodebu wiyamirije itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Sylvestre Ntibantunganya ryakozwe na Petero Buyoya ku wa 25 Mukakaro 1996.

Domitien Ndayizeye yaragize uruhara mu biganiro vy’amahoro vyatanguye mu 1998 birangira mu 2000. Ivyo biganiro ni vyo vyatumye aronswa amabanga y’ukurongora igihugu mu buryo bw’imfatakibanza, aho yabaye icegera c’umukuru w’igihugu kuva  kuwa 1 Munyonyo 2001 gushika ku wa 30 Ndamukiza 2003.

Uwo munsi nyene niho yaca arahira kuba umukuru w’igihugu, amabanga yaranguye gushika ku wa 26 Myandagaro 2005.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764