CAN2019footballhomepageInfrastructureskirundikirundi_Sports

Waruzi y’uko abakinyi b’intamba banse ama Parcelles bahawe na FFB?

 

Abakinyi b’intamba mu rugamba bashikanye Uburundi muri CAN 2019 kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2020 bahawe agashirukabute kangana n’imiriyoni indwi (7.000.000Fbu.)

Umwe mu bari muri Staff y’intamba mu rugamba yashoboye kuvugana na Indundi Sports yemeye y’uko ayo makuru ariyo akavuga y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ritari ryategeknije kubaha amahera ahubwo ryari ryabemereye ama Parcelles ariko abakinyi bonyene baranka bavuga y’uko bakeneye amahera niho guca bayahabwa.

” Ego nivyo kuva Uburundi bwandikishije itike yo gukina CAN 2019 igihe bwari bwanganije na Gabon i Bujumbura, uwutwara Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB nyakubahwa Reverien Ndikuriyo yaciye yemerera abakinyi ama Parcelles bivanye n’iryo teka bateye igihugu ubwa mbere ryo guserukira Uburundi Muri CAN , naho yabemereye ayo ma Parcelles abakinyi benshi baciye bipfuza y’uko bohabwa amahera kuko benshi wasanga bariko barubaka canke abandi wasanga bafise ama Parcelle yabo ariko bakabura uburyo bwo kwubaka “.

Rikaba ribaye irya mbere abakinyi b’abarundi bemererwa ama Parcelles.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891