footballhomepagekirundikirundi_Sports

Ikibuga c’i Gatwaro mu Kayanza kigiye kuronka umusezero wa kijambere

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Rusama 2020, niho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Révérien Ndikuriyo yanditse ku rubuga Facebook asanzwe akoresha avuga y’uko ikibuga c’i Gatwaro mu ntara ya kayanza mu misi mike kizoba cagiyeko umusezero.

Ndikuriyo akaba yagize ati : ”Stade Gatwaro mu kayanza mu misi mike izoba yagiyeko umusezero. Tureke ibikorwa vyivugire “.

Iyo ikaba ari inkuru nziza ku mugwi wa Kayanza United umaze  igihe utariko uraguma hamwe  kubera ukubura ikibuga bakorerako imyimenyerezo

Tubibutse y’uko ico kibuga kizoba ciyongeye ku bindi bisanganywe umusezero wa kijambere ( Terrains Synthetics), aha twovuga ikibuga c’intwari kiri i Bujumbura, ikibuga c’urunani kiri mu ntara ya Cibitoke, Ikibuga c’Urumuri kiri mu Ruyigi, ikibuga c’Umuco kiri i Muyinga, ikibuga c’Urukundo kiri i Ngozi hamwe n’ikibuga ca Peace Partk Complex Stadium kiri mu ntara ya Makamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890