East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Habonetse amashusho ya Kera ya Diamond arikumwe n’abigeme barimwo abo basohokanye

2 muri 4 baboneka ku mashusho yashizwe ahabona n’umwe mu bayariko, basohokanye na Diamond, kandi nawe akaba ayabonekamwo.

Hashizwe ahabona ama foto y’umuririmvyi Diamond Platnumz, arikumwe n’abigeme batari bake bo muri Tanzania kandi bamenyekanye cane.

Muri abo bigeme, 2 muribo ngo yarasohokanye nabo, abo nabo akaba ari Jackline Wolper yigeze kugendana na Harmonize umwe mu baririmvyi biwe, hamwe na Aunt Ezekiel, nawe ari umugore w’umwe mu batamvyi biwe.

Ikinyamakuru Ghafla co mu gihugu ca Kenya, ariko igisata ca Muri Tanzania kivuga ko ayo mashusho yashizwe ahabona n’umwe mu bayariko, uwo nawe akaba ari Shilole, aho yavuga ko ayo mashusho yafashwe haraheza igihe kitari gito. Ico gihe ngo abo bose bari mu masanamu y’indirimbo, naho batavuze nimba yari iya Diamond.

Ico kinyamakuru kikaba kandi kinashikiriza ko uwo muririmvyi atoharurirwa abakobwa bagendanya, canke babonetse barikumwe, kuko yatanguye kwiyegereza abakobwa batandukanye kuva acirondera muri uwo mwuga wo kuririmba.

Kuri ayo mashusho, Diamond akaba aboneka arikumwe na Michael Lulu, Jackline wolper, Aunt Ezekiel hamwe na Shilole.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769