EntertainmenthomepagekirundiUncategorized

B-Face ngo ukutiga ni kimwe mu bitumye umuziki udasohoka ngo Abarundi baje gukora ibiteramo

B-Face On The Flow aremeza cane ko abaririmvyi bakera babasumvya ubumenyi mu muziki kandi akemeza ko ukuba barize amashure menshi na za Kaminuza kiri mubituma barasohoka gukora ibiteramo cane mu makungu.
Umuririmvyi B-Face On The Flow abicishije mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv yemeje ko umuziki w’uyu musi wateye imbere kurusha uwo mumyaka yahera kuko ngo kera ngo nta masamirizi yarahari, ntan’imboneshakure zari zihari, co kimwe n’imbuga ngurukana bumenyi ariko uyu musi ivyo vyose vyarahaje abaririmvyi biroroshe ko bashikana ibikorwa vyabo kure babicishije mur’izo mpande zose.
Ariko abajijwe igituma uyu musi hari iIterambere ariko ntihaboneke abasohoka gukora ibiteramo canke kuja muma higanwa nkuko vyahahoze B-Face we yishuye agira ati:”
Abaririmvyi ba kera benshi bari bafise amashure ndetse na za Kaminuza ariko uyu musi siko biri, rero abobikoze barihweza ukuntu borungika umuririmvyi w’uyu musi aho mu makungu ariko ngo ugasanga baratinya kumaramara muruko kumaramazwa n’abo baririmvyi.”
B-Face abandanya atanga akarorero kumajambo y’abaririmvyi aca imbere ya kamera akagira ati:”Uravye amajambo bavuga iyo bari imbere ya kamera urumva ko amajambo yabo baririmvyi bakera ariyo arimwo inyigisho umuntu ashobora gusigarana kuko naho yoba yoba ariko avuga urukundo, urumva ko harimwo icigwa gikomeye,
Umuntu yize afise ivyo yigiye ategerezwa kuba afise n’ivyo yigisha mubantu, Kandi impano ndemanwa ukaca ugereranya n’iyo umuntu yize ntibisa, aho rero tugiye kubiraba mubiduhagarika ivyo birimwo kuko n’igihugu kirareka kutwizera kuko bagira bati uyu mujama twama tumubona imbere ya kamera ariko atuka abandi baririmvyi, rero ntakintu na kimwe c’igisha mugihe tuzi ko baturabirako,aho rero nimba umuririmvyi afise abo abwira gukora bakumva kuko basanzwe bamukurikirana vyobaye vyiza abashikirije ibibigisha bikabubaka, bikongera bikanabaremesha apana ibibagumura.”
B-Face  yasozereye agira ati: Egome indirimbo zivuga abandi ariko ntamusi warimwe uzonsanga kunsamirizi canke kumboneshakure ndiko ndatyoza uyundi muririmvyi.
Hari vyinshi vyo gukora mugutanga ubutumwa iyo turi imbere yabantubona canke abadukurikirana kuko turi ivyirore vy’urundi rwaruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 793