BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Iraa ngo ivy’ukwambara nk’umwigeme vyakunze aruko ashitse i Kigali

Dj Ira naho ubu yabaye umwigeme mu nyambaro, ngo siko vyamye kuko akiri kw’ishure hano iwacu, ngo vyari vyaranse. Ariko avuga ko Bisoso ariwe yamufashije kugira abashe kumenya kwambara nk’umwigeme.

Dj Iraa benshi mu bamuzi I Gitega iyo akomoka ngo bamuzi nka Zigidi, kandi ngo inyifato ziwe, uburyo yavuga n’ibindi muri rusangi ngo yaba ari umuhungu. Ivyo n’ivyo aheruka kwemeza mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure zo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, iyo asanzwe yisumamwo muri kino gihe.

Uyu mwigeme akaba muri ico kiganiro yamenyesheje ko ivy’ukuba umuhungu ngo vyaheze kubera igitsure ca Dj Bisoso, papa kandi n’umwigisha wiwe muri uwo mwuga uno musi umutunze muri ico gihugu c’imisozi 1000.

Muri ico kiganiro uwo mwigeme yamenyesheje ko ico gitsure cabonetse inyuma yaho ahejeje kwiga, ivyigwa vyafashe amezi 2, noneho agatangura kuja kuvuza umuziki mu bubare butandukanye I Kigali.Ico gihe ngo yamubwiye ko kugira atangure kuza aramujana kuvuza ahantu ngo akwiye kubanza kurondera uko yambara impuzu z’igikobwa.

Zidigi benshi bazi nka Dj Iraa yabajijwe nimba vyaramuryoheye canke yumva ashaka ko abandanya yiyambarira uduhuzu tw’abahungu. Uwo mwigeme yamenyesheje ko vyamuryoheye kuba yarahindutse, ngo bica biba vyiza cane kuko n’abamukurikirana nabo bahavuye babikunda gusumba.

Dj Ira yamenyesheje ko ivy’ukwambara izo mpuzu ngo vyari vyaramugoye cane kuva akiri I Gitega,I Bujumbura, ubona ko ari naho yarangirije amashure.

Nkuko abatari bake babashije kubibona mu bikorwa bikomakomeye I Kigali, uyo mwigeme akaba asigaye ari rutumwako, haba mu bikorwa vyo mu bubare, co kimwe no mu biteramo bikomakomeye. S’aho gusa kuko no muri Congo naho amaze gukorerayo akatari gake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775