BurundiDevelopmenthomepagekirundiPolitiquesociete

Ivyo urunani Kira Burundi rusaba indongozi zishasha zigiye kuyobora igihugu

Urunani Kira Burundi rusaba indongozi zishasha gupfungura abapfunzwe bazira ivya poritike hamwe no kwubahiriza umutungo wa Reta. Urwo runani Kira Burundi rusaba kandi izo ndongozi zishasha kuzokora ibishoboka vyose kugira bakure abanyagihugu mu bukene butagira izina bubugarije.

Mu kiganiro uwurongoye urwo runani yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 26 Rusama 2020 yavuze ko rwemeye ivyavuye mu matora naho hatabuze ivyo runegura. Aloys Baricako arongoye urwo runani ivyo abivuze inyuma y’aho haraye hatangajwe ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama 2020, yatahukanye umugambwe CNDD FDD.

Urwo runani ruvuga ko muvyo rwaneguye navyo ari nk’ukutoroherezwa haba imbere y’amatora hamwe n’inyuma yayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769