BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abaririmvyi basabwe kuririmba bakeza inzego nshasha zaraye zitowe

 

Urwego rw’umuhuza w’abarundi rusaba abaririmvyi, abasanzwe bakina ivyese n’amareresi bo bafise ijwi rishika kure kandi mu mwanya muto, ko bofasha mu gutanga ubutumwa bujanye n’ugukeza inzego nshasha ziheruka gutorwa.

Umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana akaba mu butumwa yashikirije yasavye kandi ko hampande y’ugukeza inzego nshasha, hobaho no guhumuriza abo bose bagiye mu matora, ariko ntibaronke ico baba bipfuje. Igituma bohumurizwa ngo n’ukugira bareme bamenye ko baguma ari abarundi kandi ngo amatora atarangiye ahubwo ngo mu myaka 5 hazosubira ayandi, kandi no mu myaka 7 hari n’ay’umukuru w’igihugu azokorwa.

Muri ico kiganiro nyene, umuhuza w’abarundi yanasavye abo bakora ibikorwa mvabwenge ko bonakeza abenegihugu, babasaba kuguma bari hamwe bafatanye mu nda, birinda uwo wese yoba afise umugambi wo kubasubiza mw’ihumbi yitwaje ivyavuye mu matora.

Hampande y’ico kiganiro yakoranye kuri uyu wa kabiri n’abo basanzwe bakora ibikorwa mvabwenge, hari n’ihiganwa ryateguwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi rizomara imisi 14, rikazohuza abaririmvyi n’abakinyi b’amareresi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775