BDUSAAlbinosDiaspora Organizationsdiaspora promotedhomepagekirundi

BDUSA : Samuel Ndayiragije yoba yarakombowe koko?

Mu kiganiro abaramutswa ishirahamwe BDUSA, bakoranye na Raphael Biko umumenyeshamakuru yigenga, baratanga umuco kw’ibomborabombora riri muba nyeshirahamwe muri kino gihe.

Uwahawe ijambo ubwa mbere akaba ari umunyabigega wa BDUSA, akaba yamenyesheje ko kuvuga ko Samuel Ndayiragije yakombowe ari ikinyoma cambaye ubusa, ahubwo ari ivyifuzo vya bamwe mu banyeshirahamwe bafise izindi ntumbero.

Murico kiganiro co kuruwu wa 24 Rusama 2020 hari hatumiwe kandi umushingwamanza Raphaeil Gahungu muri kino gihe ari icegera ca Samuel Ndayiragije abazwa ishirahamwe, we amenyesha ko abifuje gukura umukuru w’ishirahamwe bafise inyungu zo kugira udushirahamwe twabo tuhahombokera, nayo ngo kubona barituye umushingwamanza we abona ko ari inzira nziza yo kugira bazokwiture ubutungane, ariko ikete ryanditswe nuwo mushingwamanza ari ikete ryo kugabisha umukuru w’ishirahamwe atari iryo gukura umukuru w’ishirahamwe.

Ku bwa Samuel aramutswa ishirahamwe, we abona ko ari igihe ciza co kugira ibibazo vyagiye biribonekeza kuva batangura biteye ku musozo.
Yisigura ku bibazo yabajijwe bivuga ko akoresha igikenye ndetse n’ishavu Samuel yiregura avuga ko we akoresha amategeko rero uwuciye inyuma y’amategeko atakibanza afise muri BDUSA, akanabibutsa ko abifuza kumukura borindira inama ya bose hanyuma bagashikiriza ibirego vyabo iyo nama, bakareka kujuragiza abanywanyi.

BDUSA akaba ari ishirahamwe riharanira gushirahamwe, gufashanya, ndetse n’ubumwe bw’umuryango umwe w’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za America.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobamenyesha uko ikigega c’iryo shirahamwe, cifashe muri rusangi, tukazonashika ku bibazo vyabajijwe n’abariko bakurikirana ikiganiro, ndetse nico iryo shirahamwe rikora muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760