HealthkirundiSantéUrwevu

#urwevu|Health|Vitamin J&C ni ntasubirizwa mu buzima bwa kiremwa muntu


Abahinga muvy’amagara y’abantu bamenyesha ko turi ivyo dufungura, mu kinofu nofu kugira dutahure neza bavuga ngo “We are what we eat”.

Abasokuru nabo bakaba barayamaze bati ” ubwiza buca mu nda”!

  1. Ubuzima bwacu bugaragaza ingene dufungara, nyimba ari indwara, cangwa ikindi kintu gihungabanije ubuzima tworabira mbere na mbere mu nfungura zacu za buri musi. Ok I’ll

Iyo kiremwa muntu akitswe n’amagara abahinga bakunze kuvuga ko abasirikare bamurwanira badashemeye.
None biba vyatewe n’iki?
Basobanura bavuga ko abo basirikare bagoyagoya, nukuvuga ko bataronse ivyo bafungura canke bafunguye ibitabagirira akamaro, ingaruka mbi zica ziba ku muntu agaca nawe agoyagoya.
None infungurwa bafungura ni izahe?
Infungura zabo ziva mu nfungurwa umuntu afungura, zikitwa ntungamubiri.
Mu nfungurwa dufungura tworaba cane ko izofungurwa zirimwo ivyunyunyu (Vitamines) na cane cane A,C,D kuko arizo abasirikira bihereza kandi tugafungura kuruhegero rukwiriye.
Muri rusangi, iyo dufungura infungurwa zikwije mu vyunyunyu (Vitamins), ntakibazo coza kibangamira amagara yacu kuko umubiri uca wirwanira.
Ariko ku mvo z’ukutamenya, ubukene,ndetse n’imyitwarire itandukanye usanga infungurwa zacu atari izikingira umubiri cangwo ngo ziwubake.

Akarorero Ku ndwara y’igisukari,(Diabete) ntawokwemeza ko iyo ngwara iterwa n’isukari ahubwo n’amagara make afatiye ku mikorere y’umubiri utagishobora gutunganye iyo sukari ngo ije kwubaka uwo mubiri, nayo igaca yireka mu mitsi, canke Ku rura , igasinzikaza umuntu.
Murico gihe uwo murwara ntarwara igisukari gusa ahubwo urusukirane rw’inrwara ruca rumutera kuko baba sirikare b’umubiri baba batakimukingiye, akazoshika no kurugero rw’uhumyi, inrwara z’umutima, ibikomere bidakira ndetse n’ugukashuka ari nayo mpamvu abantu baca bavuga ko idakira.
Ijambo kiremwa muntu ririkwije, kuko risigura ko twebwe abantu tutiremye, ahubwo dufise uwaturemye.
Ngaha aho tuza gusanga inyishu.Ngo mbere na mbere hose Jambo yamyeho kandi yafadikanije na se kurema, ngaho ahava kiremwa muntu.
“Kurya umwana iyo akangutse ahunga yiterera mu gituza ca nyina, muguhungira iyo azi ko yaherewe ubuzima,natwe twohungira ku muremyi.

None Vitamin J&C yoba imaze iki?

  1. Vitamin J& C ni vitamin yamyeho iza kumenyekana mu umwaka wa 1 dutanguye kwandika no guharura ica yerekanwa n’umwana w’Imana ari nawe yayitiriye mu kuyita Jesus Christ canke Jesus Christ(J&C)
    Turishimikiza igitabo ceranda:
    Ni jewe mutsima w’ubugingo(yohana 6: 35), mukorere ivyokurya bihoraho bizana ubugingo budashira (yohana 6: 27), ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw’ijuru (yohana 6: 51), uwurya umubiri wanje akanwa n’amaraso yanje niwe afise ubugingo budashira(yohana 6: 54),ari n’udutsima dutana n’udufi ntaco twomarira iri shengero (Yohana 6 :8-13), ni wafata akanya ka ugasoma ukarizikana ivyo vyanditswe vyo mugitabo ceranda bibiliya urabona ubugingo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 464