BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Inkurikirane 2 azoshira ahabona zizomufasha kugira amahoro gatoya

Big fizzo ngo inkurikirane 2 buca ashira ahabona ngo ni mu ntumbero yo guha indirimbo zitari nke abakunzi biwe kugira bahagarike kuguma bamusaba indirimbo buri kanya. Ivyo akaba aheruka kubishikiririza mu kiganiro yahaye imboneshakure ya hano iwacu.

Big Fizzo avuga ko ari ibakwe yagize kugira abashe gukora izo nkurikirane 2. Ivyo akabivuga yisunze yuko ngo atari bose babasha kubikora, ariko we ngo uko agize ico ahabwa mu bijanye n’umuziki ngo aca aja kugahinyanyura.

Muri ico kiganiro Big Fizzo avuga ko igihe azoshirira ahabona izo nkurikirane 2, Desideratus hamwe na Legendary, ngo azobasha kuruhuka akaba arakoze ibindi mu gihe abakunzi biwe b’umuziki bariko bakurikirana izo ndirimbo. Igituma ngo nuko ubu asohora indirimbo inyuma y’imisi mikeya bakaba bamusavye iyindi.

Big Fizzo yabajijwe ivy’amasanamu y’izo ndirimbo zizoba zasohotse, avuga ko muri kino gihe ariko yiyumvira ku gusohoka kw’amajwi gusa. Aho ni mu gihe tuzi ko agize igihe asohora indirimbo ijana n’amasanamu yayo.

Big Fizzo yasiguye ko izo nkurikirane 2 zizoba zirimwo ubutumwa burabisha cane ku buzima bwiwe bwite, ariko itandukaniro rihari nuko Legendary yo wumvirije imidiho irimwo, amajambo n’utundi tubirya ngo yashaka ko azoba umu inararibonye “Legend” nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775