homepagekirundikirundi_Sports

Ukuri kubivugwa y’uko Lydia Nsekera yoba arwaye Coronavirus

Hamaze imisi hariko harakwiragizwa inkuru ivuga y’uko uwigeze gutwara Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, akongera agatwara CNO ( Comite National Olympic ) mu Burundi Umupfasoni Lydia Nsekera yoba arwaye ingwara ya Coronavirus kandi akaba yari no muri réanimation mw’ivuriro rikomeye riri hano i Bujumbura inyuma y’ugupimwa bamusangana uyo mugera.

Lydia Nsekera yaraye agize ico ashikirije kuri ivyo bimaze imisi biriko biramuvurwako .

Mu butumwa yashikirije kuri bamwe mu bantu bamwegereye umupfasoni Lydia Nsekera yashikirije y’uko yibereye muri Reta ya Texas muri ville ya Austin kuva kuwa 12 Ntwarante 2020.

Akaba yagize ati :

”Ndabaramukije. Nashaka kubamenyesha yuko ndi USA muri Etat ya texas, ville ya Austin kuva 12 mars. Gushika ubu nta coronavirus ngwaye kandi sindi mu bitaro. Mugabo, twibutsanye yuko coronavirus irwara abantu bose kandi idateye isoni”.

Mukibuka y’uko Lydia Nsekera ari umwe mu bapfasoni bari muri Komite ya FIFA ndetse na CAF.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871