BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou ngo ntazi nimba hari n’ubwenge yoba afise

Mu gihe indirimbo yiwe Binua ibarizwa mu bashika 55,000 mu misi mikeya gusa, Kirikou yabajijwe n’abafana biwe kuri Instagram, ikibanza abona ko afise uno musi mu muziki, we avuga ko atavyo azi.

Muri iyo Live yakoze ku muhora wa Instagram kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 7/6 mu masaha y’inyuma y’umutaga, yambaye umwambaro wa gisirikare, yavuze ko ikibanza agihabwa n’abafana biwe.

Yanabajijwe ubwenge afise iyo abukura, ubona ko aririmba indirimbo bivugwa ko ariwe azandika zirimwo amajambo ahinyitse cane. Yishuye ko we atazi nimba vyukuri afise ubwenge, mukamenya ko hari urukurukuru ruvuga ko yoba yandikirwa indirimbo na Big Fizzo.

Mwomenya ko Kirikou ata muntu numwe akurikirana ,”Fellow” ku muhora wa Instagram, nabo muri Bantu Bwoy iwabo akaba ata numwe akurikirana, ariko we akaba akurikiranwa n’abarenga 11,100.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775