footballgroups-at-messagehomepageintamba murugambakirundi_SportsSport

Bamwe mu bakinyi b’intamba bashikirije umubabaro wabo

Inyuma y’urupfu giturumbuka rwa nyakwigendera uwahoze ari umukuru w’igihugu cacu  Petero Nkurunziza rwabaye kuri uwu wa Kabiri  igenekerezo rya 08 Ruheshi 2020, mu bitaron Cinquantenaire biri mu Ntara ya Karusi , bamwe mu bakinyi b’intamba mu Rugamba barababajwe n’urwo rupfu rwashitse giturumbuka .

Abakinyi b’intamba mu rugamba nka Saido Berahino, Seleman Ndikumana , Harerimana Rashid leon , Hussein Shabani Tchabalala , Nduwarugira Christophe , Nsabiyumva Fréderic , Saido Ntibazonkiza , Arakaza Mac Arthur , Nahimana Jonathan , Ndikumana Justin , Fiston Abdoulrazzaq , Shaka Bienvenue , Yussuf Nyange banditse amajambo y’umubabaro yerekeye urupfu rwa Nyakwigendera Petero Nkurunziza ndetse baramwipfuriza uburuhukiro bwiza .

Nyakwigendera Petero Nkurunziza akaba yari umwe mu bantu bakunda cane inkino zitandukanye, ndetse akaba ari nawe yashinze ishure ry’umupira w’amaguru mu Burundi Academy Le Messager.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 858