BurundiHealthhomepagekirundi

Covid-19 : Abantu 14 barakize nayo abandi bashasha 10 basanga baranduye

Ubushikiranganji bukejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyesha ko abandi bantu 10 bashasha bamenyekanye ko banduye umugera wa Corona.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 15 Ruheshi 2020, ngo inyuma yo gupima abantu 2 biketswe ko banduye uwo mugera, batabarijwe n’ibitaro Kira Hospital hamwe n’abandi 63 bamaranye umwanya munini n’abatowe uwo mugera, basanze hari abandi bantu bagera kw’icumi banduye uwo mugera. Nayo mu barwayi 32 bahora mu bitaro, basanze abagera kuri 14 barakize.

Kugera ubu abantu 104 nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa Corona mu Burundi. Muri abo 75 barakize, uwundi umwe arapfa nk’uko vyagiye biramenyeshwa n’ubushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y’abantu no kugwanya SIDA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764