Entertainmenthomepagekirundi

R Flow aravuga uko abarundi bobana inyuma y’urupfu rwa Perezida Nkurunziza

Nkuko bamwe mubaririmvyi baba hanze y’igihugu batahengeshanije kugira ico bashikirije kurupfu rwa nyakwigendera Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ndetse bakanavuga uko bakiriye iyo nkuru y’umubabaro, R Flow nawe ari mubashijirije uko yakiriye iyo nkuru.

Ayaga na Indundi yagize ati:

“Yari inkuru y’umubabaro n’agahinda kwumva ko Igihugu gihejeje kubura umuvyeyi (Umukuru w’igihugu) ariko nyene twabwirijwe kuvyakira no kwemera ico IMANA yari yahisemwo kandi kuberako ariyo nzira twese tugana,
ariko muvyukuri kari agahinda mugihugu c’Uburundi.”

“Ariko kandi Abarundi twese uru rupfu rwa Nyenicubahiro rugomba kudukomeza rukanatwigisha tukamenya ko dukwiye kubana mumahoro nk’uko yama abisemerera akanavyigisha aho yaba ariko arayaga n’Abarundi.
Ikindi dukwiye kugendera ni bwabumwe bwo kunywana muri vyose na hose Umurundi akarangwa n’amahoro, Urukundo ndetse n’Ubutungane.”

Mukamenya ko R Flow nawe ari umuririmvyi w’umurundi yariko arifata neza mubikorwa vyiwe iyo asanzwe abirangurira mugihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769