BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Big Fizzo yavuze igituma ashira foto gake ku mbugahuriro akoresha

Mu baririmvyi ndundi basohora amashusho Ku mbugahuriro gake, harimwo Big Fizzo asanzwe ari no muri 10 bafise abantu benshi babakurikira kuri izo mbuga nyene.

Mu kiyago aheruka kugirana na DFTV, uwo muririmvyi yavuze ko adapfa gushirako isanamu iyariyo yose, canke ngo yandike amajambo ayariyo yose. Aho ni mu gihe ngo ashobora kumara imisi 7 adasohoye ishusho n’imwe kuri Instagram.

Muri ico kiyago Big Fizzo avuga ko abikora kuko aba ashaka kwandika amajambo ashobora gufasha uwuyasoma uwariwe wese, canke ngo akoreshe ifoto isa neza, atari iyariyo yose.

Aho yanavuze ko abona ko abantu benshi bapfa gusohora amashusho, ngo uyabonye aba asa nabi cane, ivyo akaba we atabishaka Iwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ku mbuga huriro asanzwe akoresha yaba Facebook canke Instagram asanzwe akoresha ubona ko arizo zikunzwe cane hano iwacu, abamukurikirana barenga 100,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799