BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Vichou ngo yabujijwe n’ikiriyo gusohora indirimbo nshasha

Igihe c’isabukuru ry’amavuko yiwe, Vichou Love ngo yari yateguye gushira ahabona indirimbo bivugwa ko izoba isa neza cane.

Mu majambo Famba yashikirije Ku musi wa 2 Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yasavye Vichou gutanga irindi sango iyo ndirimbo izosohokerako Ku bakunzi b’ibikorwa vyiwe. Kuvyo twabashije kwumva mu gace gato k’iyo ndirimbo kuri urwo rubuga rwa Instagram rwa Happy Famba.

Happy Famba ntiyaretse kumenyesha ko imvo yatumye uwo muririmvyi wiwe adashira ahabona iyo ndirimbo, ari kubera ikiriyo ca Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Mwokwibuka ko akaririmbo yaheruka gushira ahabona kari kabonetse Ku rubuga rwiwe rwa YouTube mu kwezi kwa 2, akaba yakise Enjoy yagakoranye na Mr Nice, ubu kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga 22,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775