BurundihomepagekirundiPolitique

Indahiro y’umukuru w’igihugu Général Major Evariste Ndayishimiye

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi umwaka w’2020 niho umukuru w’igihugu mushasha Général Major Evariste Ndayishimiye yaramuka arahora imbere y’Imana n’abenegihuhu ko yinjiye bwite mu mabanga yo kuyobora igihugu mu kiringo kingana n’imyaka indwi (2020-2027).

Nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi mu ngingo yaryo igira 107, Perezida Ndayishimiye yarahiye avuga ati :

Imbere y’Imana Mushoboravyose, imbere y’Abarundi bose bo bene igihugu, jewe Evariste Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku Masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwashingiro rya Repubulika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’Abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndemeye kurwanya ivyiyumviro n’ingendo y’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu n’ak’abenegihugu bose, no kwubahiriza imbibe n’ukwikukira kwa Repubirika y’Uburundi.

Twobibutsa ko ibirori vy’iyimikwa ryiwe ko vyabereye i Gitega ku murwa mukuru wa poritike ku kibuga citiriwe ingoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764