Burundigroups-at-messageInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsSportsport_promoted

Olivier Niyungeko agira ati Kubura Umukuru w’igihugu akunda inkino n’uruhombo ku gihugu

 

Kuri uwu wambere w’igenekerezo rya 15 Rusama(06) 2020, niho umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ari kumwe n’abakinyi b’intamba mu rugamba bari hano mu gihugu batera umukono mu gitabo c’iteka c’Umukuru w’igihugu c’uburundi Patero Nkurunziza ku kirimba ciwe citiriwe Ntare .

Inyuma yico gikorwa Indundi Sports yaronse akaryo ko kuganira n’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko kugira ashirije ingene yakiriye urwo rupfu  rwa nyakwigendera .

Niyungeko Olivier akaba yavuze ko igihe bumva iyo nkuru baguye mu gahundwe kuko vyari ibintu bidakunda gushika.
yagize ati:
N’uruhombo runini rudasanzwe, je novuga ko ari runini rwose, uravye twe twari twagiriwe n’amahirwe akunda umupira w’amaguru , yarabaye umumenyereza yarawukinye , urumva kuri twebwe cane cane kurukino rw’amaguru n’uruhombo runini kuko yaratwereka ko atwegereye , yaratwereka ko adufashe mu mugongo ari ikintu tubuze baramushikira abari hejuru yacu akabikora

Naho nyakwigendera umukuru w’igihugu c’uburundi Patero Nkurunziza tutakiri kumwe kuri ino si, Alain Olivier Niyungeko yavuze ko hariho abandi basigaye kandi yibaza ko bazobafata mu mugongo bakabandanirizaho

What's your reaction?

Related Posts

1 of 697