bp-members-invitationHandballhomepagekirundikirundi_Sports

Handball : Hazokinwa inkino za nyuma kuri uyu w’Imana

Nk’uko mubizi haraciye imisi itari mike hakinwa ihiganwa rya Handball bitiriye Imishana, iryo higanwa rikaba ryitabwe n’imirwi ine mu bagabo n’ibiri mu bakenyezi.

Akarere bita Sud kazotana mu mitwe na Nord 1 mu rukino rwa nyuma mu bagabo n’abakenyezi kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Ruheshi nk’uko twavyiganiwe na Ingénieur Désire Nkurunziza asanzwe ari mu bategura iryo higanwa .

Aganira na Indundi , Désiré yatubwiye ko bategekanya gutunganya irindi higanwa mu ndwi zibiri kugira abakinyi babandanye bitegurira ihiganwa ry’umwaka uza.

Mu kurangiza ,uyo mukinyi wakera w’umurwi Intwari akaba yasavye abakunzi b’urwo rukino kuzoza kubashigikira .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872