CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambaprimus ligueSport

Youssuf Nyange mu nzira yo gutanguzwa muri Yeni- Malatya Sport

Ku musi wa Gatandatu Igenekerezo rya 20 Ruheshi 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Turkie ryara ryabandanije kundwi ya 28 , umugwi Yeni Malatya sport ukinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange wari wakiriye Göztepe, urukino rukaba rwararangiye Malatya sport wirahiye Göztepe ibitsindo 2-1.

Yeni – Malatya sport niyo yatanguye gutsinda igitsindo Ku munota wa 40 biciye kuri Bulut hama Ku munota wa 76 Ozturk arakigombora haciye iminota ibiri gusa Ku munota wa 78 , ndayishimiye Youssuf nyange afasha umugwi wiwe kuronka igitsindo ca kabiri abicishije Ku mupira mwiza yahaye uwitwa Kjartansson iminota 90 ica irangira ari ibitsindo 2-1.

Indundi Sports tukaba twaronse akaryo ko kuyaga na Ndayishimiye Youssuf nyange kugira atubwire ingene yashimishijwe n’iyo tsinzi na cane cane Ku mupira mwiza yaranze uvyaramwo igitsindo.

Akaba yagize ati” Ndumva merewe neza cane inyuma y’intsinzi twaraye turonse, twari tumaze gukina inkino zishika kuri 10 tutatsinda, Imana niyo vyose ngiye kubandanya nshiramwo inguvu kugira ndabe ko nzofata ikibanza”

Malatya sport ikaba ifata ikibanza ca 14 mw’ihiganwa ryo muri Turkie n’amanota 28.

Mukamenya y’uko Youssuf Nyange urwo ari urukino rwiwe rwa 3 agomboye  , akaba yinjiye Ku munota wa 20 w’urukino anafasha uwo Mugwi kwitwara neza ibishobora gutuma yizerwa akazoba aganguzwa mu kibuga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 209