BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Harakekwa indirimbo hagati ya Kidum na Big Fizzo

Hari abibaza ko Kidum na Big Fizzo boba bafise gishasha coba kiri mu nzira, ivyo bakaba bariko bavyibaza bafatiye kuco uwo muririmvyi w’umukambwe aheruka kwandika Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi abarizwa muri Kenya, yanditse kuri urwo rubuga asa n’uwuhamagara Big Fizzo ngo yegere Ku ruhande, ave mubo boba barikumwe, noneho babone kuvugana.

“Allo! Allo! Fariaz! Uranyumva neza! Genda pembeni tuvugane.”

Kuri urwo rubuga abantu batari bake bakaba bagize ico bashikiriza, aho bamwe bahimiriza Big Fizzo kumwumviriza kuko ahamagawe n’umukambwe.

Abandi nabo bakaba berekanye icipfuzo c’uko boryoherwa cane ari nka hamwe abo baririmvyi babiri babashije kuririmbana.

Mwokwibuka ko Kidum yaheruka gushikiriza ko umuririmvyi yemera gusumba abandi ari Big Fizzo, kuko ngo muri runganwe havuye we “Kidum” uwukurikirana ari Big Fizzo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799