BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Deo ngo: “Munyare ryitwa umunywarumogi w’iwabo”

Inyuma y’ugukina igikino Ninde yitwa Munyare, ngo vyamufashe igihe kitari gito kugira yakire iryo zina, noneho anatore ico yokwitwaza mu kuryakira. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Deo Ndaruzaniye mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo mukinyi w’amareresi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo zihayagiza umukama, yamenyesheje ko atarazi ko azokina amareresi, ariko ngo muri kahise yarigeze kwiyita izina ry’umukinyi w’umunyecongo yakina ibikino Ku nsamirizi.

Uwo mukinyi Munyare yanagarutse Ku nkomoko y’iryo zina, aho yavuze ko barikoresheje kubera umuntu w’iwabo yarasanzwe anywa urumogi. Noneho riba riramufashe kuko baciye babandanya bamwita Munyare.

Deo yabwiye Bujahit ko vyamugoye kuryakira, ariko aza gutahura ko umunyare ari igiti gishingwa mu matongo kugira amatati ahere, noneho afata ingingo ko azorikoresha ngo abantu bamenye ivyiza n’ibibi.

Munyare akaba yavuze ko atunzwe n’uwo mwuga wo gukina, uretse ko hari n’utundi dukorwa two kwiyungunganya asanzwe akora.

Mwomenya Ko Deo afise abana 9 n’umutambukanyi, akaba kandi afise n’abuzukuru ariko ngo nta buzukuruza afise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775