BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Chris Biz ngo aricuza umwanya yataye naho yakora ivyo akunda

Chris Biz ngo aricuza kuba yarataye umwanya, naho yakora ivyo akunda ico gihe. Ivyo n’ivyaheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuniye akagohe abakiri bato ko ku myaka iri hagati ya 15 na 25 ariho umuntu aba akwiye gukoresha inguvu ziwe kugira agire ico aronse. Akabasaba kudatakaza umwanya nabo, ahubwo batangure barondere amahera.

Chris Biz muri ico kiganiro yagarutse kuco ayo mafaranga yahaye ikibanza ca 1 amumariye. Chris yavuze ko ubu ashobora kwirihira amafaranga agakora amasanamu y’indirimbo, mu gihe mu myaka iheze bitamworohera kuko ata buryo yaba afise.

Chris yanaboneyeho akaryo ko gutumirira abakunzi biwe ngo bagume bari maso, kuko hari indirimbo yiwe yitwa Agacupa igiye gusohoka muri irici.

Mwokwibuka ko Chris yagabanije cane umwanya wo gukora umuziki, noneho agaha umwanya munini kurondera amafaranga, aho ubu afise iduka ry’impuzu mu gisagara ca Bujumbura ahitwa Plaza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799