CAN2019featured sportfootballgroups-at-messagehomepageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_SportsSport

Wayne Rooney yagereranije umukinyi wa Liverpool na Ronaldo

Umukinyi w’umusatirizi wa kera w’umugwi Manchester United Wayne Rooney yashoboye kuvuga y’uko ivyo Mohammed Salah ariko arakora mu Mugwi Liverpool nivyo Cristiano Ronaldo yigeze gukora mugihe bari bagikinana muri Manchester United .

“Salah ariko akora ivyo Cristiano Ronaldo yakoze muri Manchester United buri gihe  aba ari hafi y’igori  kandi ntagaruka kuzibira ariko akaba agoye cane gucunga iyo uri umukinyi w’inyuma canke umukinyi wo hagati muriko muhangana ntibiba vyoroshe”

Uwo munya Africa wo muri Misiri akinira Umugwi Liverpool Mohammed Salah mu myaka itatu amaze gukinira uwo Mugwi amaze gutsinda ibitsindo 92 mu nkino 145 ibimaze guha umunezero udasanzwe abakunzi ba Liverpool.

Mwomenya y’uko Liverpool yaraye itwaye igikombe co mu bwongereza Premier league co muri uyu mwaka wa 2019 ushira 2020, bakaba bari baherutse kugitwara mu myaka 30 iheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 858