Burundihomepagekirundisociete

Ijambo ridasanzwe Denise Nkurunziza yashikirije mu gusezera ubwanyuma Perezida Nkurunziza

Umupfasoni Denise Nkurunziza asizwe n’umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi yagize inkomezi zo kuvuga ijambo mu kumusezera ubwa nyuma mu kibuga Ingoma c’i Gitega, avuga ko umugabo wiwe aherekejwe n’imirimo myiza yakoze.

Ku kibuga ingoma cuzuye abantu ibihumbi, umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kassim Majaliwa eka n’umutambukanyi wa perezida wa Zambia mu bashitsi bakuru, Denise Bucumi Nkurunziza yabashije kugira ico ashikirije kubw’umuryango wa nyakwigendera.

Yavuze mw’ijambo ryiwe ati “Ni ugukengurukira Imana ku gitangaza yadukoreye inyuma y’uko tubuze, ubwanje umukunzi, abana bakabura umuvyeyi”.

Yashimye Imana ko yabahaye inkomezi kuko ari igitangaza mu bihe bigoye nk’ivyo barimwo.
Ati: “Kubura umuntu mu mwanya mutoya wari ugikunze kubana nawe ntibiba vyoroshe, ariko mu muryango Imana yaduhaye inkomezi zo guhagarara muri bino bihe”.

Yashingiye ku majambo yo muri Bibiliya avuga aho bakuye inkomezi, avuga ko iki cari igihe ciwe co kugenda akaba mbere asaba buri wese gutegura nawe igihe ciwe. Imirimo myiza
Umupfasoni Nkurunziza yasubiyemwo amajambo yavuzwe na Perezida Pierre Nkurunziza ati:

“Yakunze kuvuga ko ikibi atari ugupfa ahubwo ari ugupfira igihugu nabi umuryango ukawupfira nabi”.
Ati: “Nimureke dushime Imana kuko agiye atigeze aduhemukira kandi ntiyahemukiye n’igihugu, kuko iyo ahemukira igihugu twari kuba hano ariko kandi tumaramaye…”.

Umupfasoni Nkurunziza yavuze ati: “Ikindi dushimira Imana nuko arangije amahoro, atapfuye urupfu rw’agashinyaguro…ikindi naco yapfiriye mu mwami, yarangije neza”.

Yavuze ko umuhisi Perezida  Nkurunziza yakoze ibikorwa vyiza vyinshi bimuherekeje, eka mbere ko yagize n’urupfu mu mahoro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765