BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Kidum agiye gusubira gukora ikindi giteramo Online

Igenekerezo rya 5/7, azoba ari ku musi w’Imana, Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum azosubira kandi gukora igiteramo.

Ico giteramo kizoba ari nk’ico yaheruka gukora muri uku kwezi kwa 6, igenekerezo rya 21. Ico gihe akaba yarikumwe n’umugwi wiwe wa Bodaboda band, n’ubu bakazomufasha kuremesha ico giteramo.

Ico giteramo nk’icaheruka uwo muririmvyi akaba azokorera ku buhinga ngurukanabumenyi, akazokoresha urubuga rwa Facebook. Hampande y’urubuga rw’abamutumiye, umugwi w’abavuza umuziki, 254 Diaspora DJ, n’urubuga rwiwe rwa Facebook rukaba ruzokoreshwa mu kwerekana ico giteramo.

Kidum akaba yakoresheje imbuga ngurukanabumenyi ziwe mu gutumira abantu ngo baze bitabire ico giteramo. Abatari bake mu bamukurikira bakaba babandanije kwerekana ko bashimishwa n’ico giteramo.

Mwokwibuka ko imbere yuko akora ico giteramo yaheruka gukora, Kidum yari yasibishije ikindi giteramo nkico nyene bivuye ku mvo tutabashije kumenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799