BurundiDiasporahomepagekirundi

Ku barundi baba muri Canada ngo n’umunezero ugeretse Ku wundi

Ku barundi babarizwa muri Canada ngo aba ari n’umunezero utagira uko ungana igenekerezo rya 1 mukakaro.

Uwo munezero abo barundi ngo bawugira kuko iryo genekerezo risobanura ikintu gikomeye haba muri Canada canke hano iwacu i Burundi, nkuko ababashije kubiyagira insamirizi ICI Canada babishikirije.

Mu gihe hano iwacu tuba turamutse twigina Intahe yo kwikukira, muri ico gihugu naho baba bigina igihe ico gihugu kinini cavuka.

Kubwa Albert Saba yaganiriye n’ico kinyamakuru ngo kuriwe ukwo kwigina 2 n’umunezero udasanzwe kuko ahimbaza uwundi muco, ikindi kibano akuriramwo kandi kikabafasha gutera imbere, ariko kandi batanibagiye igihugu cabibarutse.

Naho biruko, ngo igihugu cacu nticabashije kunywana neza nkuko bishikirizwa na Zenon Nicayenzi, umushikiranganji w’umutekano wa 1 w’Uburundi inyuma y’ukwikukira.

Aganira n’ico kinyamakuru yavuze ko Uburundi bwatakaje akarangamutima, kuko Abarundi bahindutse abahutu n’abatutsi imbere yuko baba abarundi.

Ico bakaba bagihurijeko na Albert kuko nawe ababazwa n’uko intahe yo kwikukira itabashije gushikana Abarundi k’ukunywana n’ukuba umwe nyakuri.

Zenon we akaba ahanura abakiri bato ko inyungu z’igihugu “Interêt Commun” zikwiye kuza imbere y’inyungu za buri muntu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768